Igihugu c’Ubuyapani cahaye Uburundi ingabire y’umuceri ufise agaciro k’imiliyaridi 5 z’amafaranga y’amarundi. Ivyo vyatangajwe n’umushikiranganji w’Imigenderanire. Albert Shingiro akaba yaciye yongerako ko uwo muceri uzodandazwa. Ivyo bikaba bitakiriwe neza na bamwe bamwe. Urunani rw’abatavuga rumwe na leta CFOR-Arusha, bo, bakabona ko iyo ngabire yategerezwa guca ishikirizwa abanyagihugu na rirya ubu bayikeneye cane.
Amakuru
20 août 2022