Kubona Abarundi batigeze bashobora kubana bafatanye mu nda kuva igihugu kironse intahe yo kwikukira, vyaragize ingaruka mbi ku butunzi bw’igihugu. N’aho hagiye harabaho igihe ciza co kunywana, nk’ubumwe bw’Abarundi no kuba Abarundi basangiye imico imwe, ntivyakunze ko ubwo bumwe bugaragara. Ivyo ni ibisigurwa na Faustin Ndikumana, umuhinga muvy’ubutunzi, agahamagarira abarongoye igihugu gushiraho ibiganiro vyotuma Abarundi basubira kunagura ubwo bumwe nk’uko abitangiye igihugu bavyipfuza.
Amakuru
3 juillet 2021