Amakuru
18 août 2023

Indyane muri CNL ziva muri CNDD-FDD kugira uwo mugambwe utakaze inguvu mu matora yimirije

Indyane ziri mu mugambwe CNL ziri mu rukurikirane rw’imigambi yo gusambura imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD, itegurwa na bamwe mu bategetsi ba leta. Ivyo bivugwa na Chauvineau Mugwengezo, arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga. Yabivuze inyuma y’aho kuri uyu wa mbere uheze, umurwi w’abanywanyi ba CNL bashizeho uwurongora uwo mugambwe, mu gihe usanzwe urongowe na Agathon Rwasa. Mugwengezo agasigura ko ivyo vyerekana ko umugambwe CNDD-FDD ubikoreshwa n’ubwoba bwa kazoza ku mugambwe usa n’uwuriko uratakaza inguvu. Agasaba umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu kureka kwivanga mw’itunganywa ry’imigambwe.