Amakuru
9 mai 2023

Indyane mu buseruko bwa Congo zibandanya kwibonekeza kandi hari vyinshi bimaze gukorwa

Indyane mu buseruko bwa Congo ziraraje ishinga ibihugu vyo mu karere n’amashirahamwe yo mu karere, ibihugu vyo ku mugabane eka no kw’isi yose. Vyashikirijwe n’uwurongoye ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat, mu nama igira 11 y’umurwi ukurikirana umugambi w’amahoro, umutekano n’ugufashanya hagati ya Congo n’akarere, inama yabereye i Bujumbura. Moussa Faki yariyamirije imvugo zo kwagirizanya n’ukwinuba imigambi ya bamwe n’abandi muri ico gikorwa co kugarukana amahoro.