Amakuru
18 août 2023

Indwi 2 zo kwiyamiriza ukudahana icaha co kunyuruza abantu gikorwa mu Burundi

Leta y’Uburundi hamwe n’igisirikare ni bo bategerezwa gusigura iyo bashize abanyagihugu 8 banyurujwe n’ubu ata wuzi irengero ryabo, bakaba bari muri benshi bakorewe ubwo bubisha. Ishirahamwe FOCODE rikaba ryarateguye gushira ahabona amatohoza yakoze kuri abo banyagihugu 8, mu gihe hasigaye iminsi mike ngo hahimbazwe umunsi wahariwe abakorewe ayo mabi wibukwa ku wa 30 Myandagaro. Pacifique Nininahazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE, amenyesha ko izi ndwi zibiri bagiye gushikiriza ivyavuye muri ayo matohoza, bazoshimikira kandi ku kudahana kwakurikiye ayo mabi.