Amakuru
23 mai 2023

Indongozi zo mu Rumonge zihamagarirwa kwirinda ko ubwicanyi bwabaye ndanse i Bururi bubashikira

Ubwicanyi mu ntara ya Bururi bugeze aho bwatanguye gutera impungenge abategetsi bo hejuru, aho batinya ko bwohava butandukira izindi ntara. Mu gihe havugwa abantu barenga 40 bamaze kwicwa mu kiringo kitarenga amezi atatu aho i Bururi, icegera c’umukuru w’Inama nshingamateka yasavye abarongoye intara ya Rumonge gufata ingingo zo kwigiza kure abicanyi. Sabine Ntakarutimana yabivuze igihe yari yagendeye mu Rumonge ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze.