Amakuru
11 avril 2024

Indege yakorotse i Kanombe ku wa 26 Ndamukiza 1994 yakorowe n’abakoze ihonyabwoko (Me Maingain)

Dosiye ijanye n’iraswa ry’indege yahitanye abakuru b’ibihugu vy’Urwanda n’Uburundi Juvénal Habyarimana na Cyprien Ntaryamira, yabayemwo amanyanga menshi, ariko ukuri ni uko inkoho zakoreshejwe mu kuyirasa zavuye mw’ikambi ya Kanombe. Ivyo bikaba biri mu gitabo gishasha giherutse gusohorwa n’umushingwamanza Bernard Maingain, « Le Cri du Falcon : un crime judiciaire d’Etat », kikaba casohotse mu gihe Urwanda n’amakungu bibuka imyaka 30 iheze habaye ihonyabwoko mu 1994 ryakorewe Abatutsi. Umushingwamanza Maingain akaba ashira ahabona utunenge twagiye turibonekeza kuva ku mucamanza afise iyo dosiye Charles Bruguière yakoresheje amasura azi neza ko atari yo. Ariko akaba yizera ko hazoboneka ubutungane, n’aho nyene harimwo inyifato za bamwe bamwe zerekana ko iyo dosiye irangwamwo amacakubiri.