Amakuru
3 février 2023

Inama yihuta y’abakuru b’ibihugu vya EAC ku kibazo ca Congo, hokwitegwa iki ?

Buca haba inama i Bujumbura y’abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 04 Ruhuhuma. Iyo nama yatumweko ubutarariye n’umukuru w’Igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, akaba ari n’umukuru w’akarere ka EAC. Ku bw’umumenyeshamakuru Albert Rudatsimburwa, akwirikiranira hafi ibibazo vy’indyane zo muri Congo, iyo nama ibaye mu gihe hari icuka kibi hagati ya Congo n’Urwanda, mu gihe kandi hasubiye kwaduka intambara hagati y’umuhari M23 n’igisirikare ca Congo. Iyo nama abona ko ico yofasha kwoba uguhimiriza abategetsi ba Congo kugira bubahirize amasezerano y’i Luanda, bitabe ibiganiro.