Amakuru
31 mai 2022

Inama y’abakuru b’Ibihugu y’i Malabo yaratoreye umuti imirwi yiyitirira iy’abarwanyi

Inama iheruka kubera i Malabo ku murwa mukuru wa Guinée équatoriale ngo yoba yatoreye umuti ibibazo vy’imirwi yitwaje ibirwanisho, n’uguhirika ubutegetsi bidaciye mu mategeko. Ivyo vyamenyeshejwe n’umukuru w’Igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye. Hari ku munsi w’Imana atahutse avuye muri iyo nama yakoranije iminsi ibiri abakuru b’Ibihugu 20 vya Afrika. Evariste Ndayishimiye akavuga ko imirwi yitwaje ibirwanisho izotuzwa mu gikorwa co kurwanya iterabwoba.