Amakuru
14 janvier 2023

Inama nshingamateka yemeje integuro y’itegeko risubiramwo urwego nshingwanzandiko

Inama nshingamateka yaremeje ijana kw’ijana kuri uyu wa kane integuro y’itegeko rigenga urwego nshingwanzandiko (notariat) hamwe n’itegeko rirugenga. Ku bw’umushikiranganji w’Ubutungane yari yagiye kurisigura, itegeko rihari ni iryo mu 1996, iryo na ryo ngo ntiryigeze rihinyanyurwa ngo ryisunge iterambere igihugu kigezeko. Nk’uko bivugwa na Domine Banyankimbona, bimwe muri bishasha iyo nteguro y’itegeko ifise harimwo kwegereza urwo rwego abanyagihugu kugira imigambi irangurwe neza co kimwe n’ukuronsa akazi abakiri bato bahejeje amashure ya kaminuza.