Inama nshingamateka iyaba yari ikora neza yari ikwiye gusaba umukuru w’Igihugu agakura Gervais Ndirakobuca mu kibanza c’umushikiranganji ajejwe umutekano akahashira uwundi. Bivugwa na Frédéric Bamvuginyumvira, yahoze ari icegera ca Mbere c’umukuru w’Igihugu, inyuma y’aho kuri uyu wa kane uwo mushikiranganji avugiye imbere y’abashingamateka ko ingingo yafashe yo kubuza amakinga, amapikipiki na bajaji gushika hagati mu gisagara ari ntabanduka. Bamvuginyumvira akavuga ko umushikiranganji yakengereye Inama nshingamateka kuko nawe nyene azi ko idakora yigenga.
Amakuru
26 février 2022