Amakuru
28 mai 2022

Inama nshingamateka ni igikoresho c’intwaro, ntikora ico yari ijejwe

Abashingamateka ntibari bakwiye kwemeza ibwirizwa rigenga amafaranga leta izokoresha hatabanje kwerekanwa ico ayo mafaranga azokora. Vyashikirijwe na Charles Nditije, umukuru w’umugambwe UPRONA utavuga rumwe n’ubutegetsi. Ni inyuma y’aho Domitien Ndihokubwayo, umushikiranganji w’Ikigega ca leta, yariko yishura ibibazo vy’abashingamateka ku nteguro y’itegeko rigenga amafaranga leta izokoresha mu mwaka uza. Ku bwa Charles Nditije, ngo bari bakwiye gusaba hagashirwaho umurwi ujejwe kugira amatohoza bakamenya ko hatoba harabaye ubusuma.