Inama nkuru y’ubucamanza yarakoranye kuri uyu wa mbere mu nama isanzwe kugira ishikirize amazina ya bamwe mu bacamanza boshirwa mu nzego nkuru z’ubucamanza. Muri iyo nama yari irongowe n’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye, hagenywe abacamanza umunani biyongera ku bari muri Sentare ntahinyuzwa. Ku bwa Gérard Ngendabanka, umunyamabanga ntayegayezwa mu nama nkuru y’ubucamanza, ngo basanze abitura iyo sentare ari benshi mu gihe abacamanza bari bahari bari bake kugira bashobore gutunganiriza ababitura bose ku gihe.
Amakuru
26 juillet 2023