Amakuru
27 juillet 2022

Inama nkuru y’ubucamanza ntisubirira amasentare

Inama nkuru y’ubucamanza ntije gusubirira Ubutungane. Bivugwa na Gérard Ngendabanka, umunyamabanga ntayegayezwa w’urwo rwego. Ivyo yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 25 Mukakaro 2022. Gérard Ngendabanka yamenyesheje ahubwo ko urwo rwego rujejwe gutegurira Ubutungane ibikenewe vyose kugira hafatwe ingingo zibereye ku neza y’Ubutungane n’iy’abenegihugu.