Amakuru
6 février 2023

Imyiyerekano idasanzwe mu buseruko bwa Congo, ni intambamyi ku ngingo zafashwe mu nama y’i Bujumbura

Inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko yabaye mu bihe bitoroshe. Hakaba hafashwe ingingo zikomeye. Muri izo ngingo, hakaba uguhagarika imishamirano n’uko umuhari M23 uva mu bice umaze kwiharira. Ariko rero uko ibintu vyifashe muri ako karere ka Congo bisa n’uko izo ngingo bizogorana kuzishira mu ngiro muri uno mwanya. Aho ni ukubera imyiyerekano ikaze iriko irabera mu gisagara ca Goma kuva ku munsi wa gatanu w’indwi iheze, uwo muhari nawo ukabandanya ufata ibindi bice bishasha.