Amakuru
5 juillet 2022

Imyaka ibiri ya Evariste Ndayishimiye ku butegetsi, yaranzwe n’amajambo menshi kurusha ibikorwa

Abantu 1427 ni bo bamenyekanye ko bishwe, 1362 barahagarikwa hadakurikijwe amategeko, abandi 116 baranyuruzwa, muri iyi myaka ibiri iheze Evariste Ndayishimiye ari ku butegetsi. Ayo ni amwe mu mabi yatohojwe n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka. Abakora ayo mabi na bo, ngo akaba cane cane ari bamwe mu bakozi ba leta. Anschaire Nikoyagize, arongoye iryo shirahamwe, atera akamo leta kurwanya yivuye inyuma ukudahana ivyaha, ikumirwa n’itotezwa rikorerwa abatavuga rumwe na leta, hamwe no gutorera inyishu ikibazo c’impunzi.