Amakuru
22 juin 2022

Imyaka ibiri ya Evariste Ndayishimiye ku butegetsi yaranzwe n’amajambo atagira ibikorwa

Inyuma y’imyaka ibiri umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye yimitswe mu mabanga yo kurongora igihugu, umugambwe CNL ubona ko muri ico kiringo ata ntambwe igaragara yigeze iterwa. Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye kuri uyu wa mbere, Agathon Rwasa, arongoye CNL, yemeza ko iyo myaka ibiri yaranzwe n’amajambo atagira ibikorwa. Ku bijanye n’imigenderanire n’ayandi makungu, Agathon Rwasa ntarya umunwa. Ingendo z’umukuru w’Igihugu mu makungu nta kintu kiboneka ziriko zirazanira igihugu.