Amakuru
12 septembre 2023

Imyaka 9 iraheze hagandaguwe ababikira b’Abataliyano mu Kamenge bikozwe n’inzego za leta

Igandagurwa ry’ababikira batatu bo mu Kamenge mu 2014 riri mu bundi bwicanyi bwinshi bwakozwe n’inzego za leta, cane cane zagiye zirategurwa n’umuhisi général Adolphe Nshimirimana yari arongoye iperereza muri ico gihe. Bivugwa na Pierre Claver Mbonimpa, arongoye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’ak’abapfunzwe, APRODH. Akaba abivuze mu gihe ku wa gatanu uheze igenekerezo rya 08 Nyakanga hari harumanye imyaka 9 bagandaguwe. Pierre Claver Mbonimpa akaba agaruka ku vyatumye abo babikira bagandagurwa, bijanye n’ingene abo babikira bavura bamwe mu Mbonerakure zakomerekera i Kiliba Ondes mu nyuma ntibumvikana n’abari bajejwe izo Mbonerakure.