Amakuru
30 août 2024

Imyaka 24 iheze hasinywe amasezerano ya Arusha, CFOR-Arusha ibona ko CNDD-FDD yananiwe

Imyaka 24 yari irumanye kuri uyu wa 28 Myandagaro Abarundi bateye igikumu ku masezerano y’i Arusha yo kugarukana amahoro no kunywanisha. Mu runani CFOR-Arusha, bibuka ko ico gihe Abarundi biruhukije kandi ngo hakozwe vyinshi harimwo n’uko imirwi yari yafashe ibigwanisho yabishize hasi irahagarika intambara. Yamara, ku bwa Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye urwo runani, umugambwe CNDD-FDD washitse ku butegetsi biciye muri ayo masezerano, nticabujije ko uyahamba. Muri kino gihe, ngo kugira Abarundi bave muri ako kaga, bategerezwa ubwa mbere kwumva ko ari bo bene igihugu, bagatsinda ubwoba ku munsi abasenye ayo masezerano bazoza kubasaba amajwi, bakavuga bati ntitubakeneye.