Amakuru
14 avril 2023

Imvugo y’umukuru w’Igihugu Ndayishimiye ku bukene buri mu Barundi irateye agahinda

Imvugo y’umukuru w’Igihugu ku bijanye n’ubukene burangwa mu Burundi irateye amakenga abanyepolitike batavuga rumwe n’ubutegetsi. Umwigisha Charles Nditije, arongoye umugambwe UPRONA, abona ko Evariste Ndayishimiye yoba atazi ukuri ku buzima abanyagihugu babayemwo canke na ho abigira nkana, ari ukubasiga inkore ku maso. Akaba abishikirije inyuma y’aho Ndayishimiye avugiye ko Abarundi bose bafise ivyo bafungura, akavuga ko n’ikimenyamenya usanga imirima yaboreye hanze kubera bose bahaze. Nditije agasaba umukuru w’Igihugu guhindura imvugo, agakoresha iyiremesha Abarundi bari mu ngorane zidasanzwe z’ubukene.