Umukuru w’igihugu ntiyari akwiye kwidoga co kimwe n’abandi banyagihugu, ahubwo yari akwiye gufata ingingo kugira ibigenda nabi bihinduke. Bivugwa na Emmanuel Ndereyimana, umuvugizi w’urunani CFOR-ARUSHA. Abivuze inyuma y’aho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye agabishirije abagwizatunga batsindiye isoko ryo gushira amazi meza muri komine ya Giheta, mu nyuma ntibabikora. Emmanuel Ndereyimana akamenyesha ko imvugo umukuru w’igihugu yakoresheje yerekana ko atariwe abikora.
Amakuru
25 juillet 2021
