Amakuru
9 janvier 2024

Imvugo ya Ndayishimiye yo kwama abogoza iramucafuza igacafuza n’igihugu (MSD)

Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye arakwiye kumenya ko ico Abarundi bamukeneyeko ari inyishu z’ibibazo bibahanze. Bivugwa na Epitace Nshimirimana, avugira umugambwe MSD utavuga rumwe na leta. Ahanura umukuru w’Igihugu ko imvugo yiwe yo kuguma abogoza yoyireka kuko imucafuza igacafuza n’igihugu.