Amakuru
22 mars 2022

Imvugo ya CNDD-FDD ikura agateka ku bantu ni iyo kunyegeza agahotoro abanyagihugu babayemwo

Bamwe mu bategetsi bakomoka mu mugambwe CNDD-FDD barakoresha imvugo ikurako ubuntu abantu bose bafise uburyo buke mu Burundi. Bivugwa na Jérémie Minani arongoye umugambwe Ihuriro ry’Abarundi baharanira intwaro rusangi (RDB) uri mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi. Abivuze inyuma y’aho umukuru w’Inama nshingamateka Gélase Daniel Ndabirabe avugiye ko bamwe mu batwara amapikipiki mu gisagara ca Bujumbura boba bava i kuzimu. Jérémie Minani akavuga ko babikora n’ibigirankana kugira akarenganyo abanyagihugu batobato bakorerwa gatahurike ntihagire n’uwubavugira kuko atari abantu.