Amakuru
21 avril 2023

Impunzi zirashaka gutaha, ariko zitinya umutekano muke n’intwaro mbi iranga CNDD-FDD

Impunzi z’Abarundi zireka gutaha kubera umutekano muke urangwa mu gihugu hamwe n’intwaro mbi iranga ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Ivyo bishikirizwa n’uwuserukira impunzi zirenga ibihumbi 55 z’Abarundi baba mu gihugu c’Ubuganda. Damien Nyabenda akaba abishikirije inyuma y’aho umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu Martin Niteretse avugiye ko ata mpunzi zikiri mu makambi y’impunzi, n’abakiriyo bake ari abadashaka gutaha kubera bariko barondera kujanwa mu bihugu vya Buraya na Canada. Damien Nyabenda agahamagarira abategetsi b’Uburundi kureka gukindaga impunzi kubera bipfuza gutaha ariko ico bahunze kigihari.