Amakuru
21 juin 2023

Impunzi zirakeneye kwakirwa, gukingirwa, gukundwa no gufashwa

Kw’igenekerezo rya 20 Ruheshi, Uburundi bwifadikanije n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe impunzi. Afatiye kw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu, Célestin Bonansize, umwunganizi w’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu, yibukije ko kugeza kw’itariki 31 Rusama umwaka w’2023, Uburundi bwabarizwamwo impunzi 84 795 hamwe n’abasaba ubuhungiro bagera ku 2 861. Akaba yamenyesheje kandi ko Uburundi butahengeshanije kwakira abasaba ubuhungiro hisunzwe amasezerano mpuzamakungu.