Amakuru
21 juin 2023

Impunzi ziba mu bihugu bimwe bimwe nka Tanzaniya zikeneye gukingirwa bidasanzwe

Malawi, Ubuganda na cane cane Tanzaniya, ni vyo bihugu impunzi z’Abarundi zifashwe bunyamaswa. Ivyo ni vyo bihe umunsi mpuzamakungu wahariwe impunzi itariki 20 Ruheshi washikiyemwo. Jean Bosco Vyizigiro, ajejwe kumenyesha amakuru mu runani rw’Abarundi baharanira agateka ka zina muntu baba mu makambi y’impunzi, avuga ko izo mpunzi zikorerwa amabi atandukanye : kwicwa, gupfungwa hadakurikijwe amategeko, eka n’ibindi bibatesha agaciro. Agasaba ivyo bihugu na HCR kwikubita agashi bagafata ingingo zikwiye zo gukingira kurusha izo mpunzi.