Amakuru
5 décembre 2022

Impunzi z’Abarundi zo muri Tanzaniya zigiye kwakwa uburenganzira bwo kwitwa impunzi kugira zitahe

Impunzi z’Abarundi ziba muri Tanzaniya zitegerezwa gutaha vyanka bikunze. Ivyo vyamenyeshejwe n’umuyobozi mukuru ajejwe impunzi mu bushikiranganji bw’Intwaro yo hagati muri Tanzaniya. Sudi Mwakibaki yabivuze mu mpera z’indwi iheze aho yariko agendera amakambi y’impunzi aherekejwe n’umurwi w’abarungitswe na leta y’Uburundi, wari ugizwe n’intumwa z’ubushikiranganji bwo Hagati mu gihugu na ba buramatari b’intara zihana urubibe na Tanzaniya. Leta y’ico gihugu ikaba yafashe ingingo yo kwaka izo mpunzi uburenganzira bwo kwitwa impunzi.