Impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Mtendeli mu gihugu ca Tanzaniya ntizikigira ayo zicira n’ayo zimira, inyuma y’aho igikorwa co kuzimurira mw’ikambi ya Nduta gihagarariye kandi amazu zabamwo amaze kubomorwa. Urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu makambi y’impunzi CBDH/VICAR rukaba rutera ivyatsi ako gatotezo gakorerwa izo mpunzi. Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye CBDH/VICAR, agasaba Leta ya Tanzaniya kwubahiriza amasezerano mpuzamakungu agenga impunzi yo nyene yiyemereje.
Amakuru
12 août 2021
