Amakuru
30 janvier 2021

Impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya zisabwa gutaha mu gihugu iwabo mu maguru masha

Impunzi z’abarundi ziri mu gihugu ca Tanzaniya zisabwa gutaha mu gihugu iwabo mu maguru masha. Abajejwe intwaro mu ntara ya Kigoma, bamaze iminsi bazunguruka mu makambi y’impunzi, babwira impunzi ko mu minsi ya vuba n’ayo makambi zibamwo agiye kwugarwa. Abaharanira agateka ka zina muntu mu makambi y’impunzi bakabona ko ako ari agatotezo Leta ya Tanzaniya ibandanya ikorera impunzi.