Amakuru
2 décembre 2021

Impunzi z’Abarundi z’i Lusenda ziriko zihohoterwa zihorwa imvo za politike

Ikibazo c’impunzi z’Abarundi bahungiye muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo ngo ni ikibazo ca politike iri hagati y’Uburundi n’ico gihugu. Bishikirizwa na Frederiko Bamvuginyumvira, arongoye urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na leta CFOR-Arusha. Akabivuga afatiye ku kungene impunzi z’Abarundi zahungiye muri ico gihugu zimaze iminsi zifatwa nabi zagirizwa ko zikorana n’Abanyamulenge. Bamvuginyumvira agasaba abakuru b’ivyo bihugu bibiri kwicara bagatora inyishu y’ico kibazo mu maguru masha.