Amakuru
22 octobre 2021

Impinga iracari ndende kugira demokarasi itsimbatare mu Burundi

Karacahaze kugira tuvuge ko hari intwaro rusangi mu Burundi kuko hagikenewe kwubahiriza agateka ka zina muntu no gusabikanya ubutegetsi. Ivyo bishikirizwa na Olivier Nkurunziza, umukuru w’umugambwe UPRONA wegereye ubutegetsi. Hari ku munsi wa kane igihe Abarundi bibuka imyaka 28 iheze perezida Melchior Ndadaye agandaguwe hagakurikira igandagurwa ry’Abarundi isinzi.