Amakuru
16 août 2023

Impinduka zasabwe gushirwa mu gisata c’ubutungane, haraheze imyaka cumi, ntizashizwe mu ngiro

Inyuma y’imyaka cumi habaye inama rukokoma yerekeye ubutungane, gushika ubu nta kirahinduka muri ico gisata. Uwo ni umwihwezo wa Faustin Ndikumana, umuyobozi w’ishirahamwe PARCEM ryiyemeje gukangurira Abarundi guhindura ingendo. Ni mu gihe iyo nama yabaye mu mwaka w’2013 yari ifise intumbero yo guhindura ibintu mu gisata c’ubutungane, kugira bwigenge bukemerwa nk’ubutegetsi bugira gatatu. Faustin Ndikumana asaba ko nyabuna hosubira gukorwa iyindi nama rukokoma yerekeye ubutungane, kugira barabire hamwe icatumye ivyo bumvikanye bidashirwa mu ngiro.