Amakuru
4 janvier 2023

Impapuro z’inzira zizoba zabonetse mu minsi mike aho zitangirwa hose mu gihugu

Ikibazo co kuronka impapuro z’inzira zitangwa n’igipolisi kijejwe ingenzi, PAFE, kigiye gutorerwa inyishu muri iyi minsi ya vuba. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu Martin Niteretse. Yabishikirije igihe hariko haraba ikiganiro caremeshejwe n’umukuru w’Igihugu ku munsi wa gatanu w’indwi iheze mu ntara ya Kirundo. Yaramenyesheje ko bamaze gutumako udutabo twa passeports kandi ko igice ca mbere c’utwo dutabo tuzoba twashitse mu mpera z’ukwezi kwa mbere. Kuva muri ico gihe, Martin Niteretse yemeza ko ata wuzosubira kumara iminsi 3 atarabona urupapuro rw’inzira.