Amakuru
11 mars 2023

Impapuro z’inzira “passeports” zabonetse mu kigo PAFE

Ikibazo cahora kihari muri PAFE c’iburwa ry’ibitabo vy’inzira passeports catorewe inyishu. Ivyo bimenyeshwa na Martin Niteretse, umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu. Akaba yamenyesheje kandi ko itangwa ry’ivyo bitabo rigiye kunyaruka. Yabivuze kuri uyu wa 9 Ntwarante aho yari aramutse agendera ikigo PAFE.