Amakuru
5 avril 2023

Impano y’umuceri kuri Guinée équatoriale y’umutambukanyi w’umukuru w’Igihugu ntisiguritse na mba

Ni ibiterasoni kubona umutambukanyi w’umukuru w’Igihugu yicisha kigoyi abanyagihugu mu kubanyaga imfashanyo y’ibifungurwa yari ibagenewe. Umuhari w’ibikorwa nkundagihugu MAP-Burundi Buhire uranegura impano y’amatoni 25 y’umuceri Angeline Ndayishimiye yarungitse mu gihugu ca Guinée équatoriale, kandi ico gihugu kinatunze kurusha Uburundi. Libérat Ntibashirakandi, umuvugizi w’uwo muhari, araniyamiriza imvugo avuga ko ari iz’ububeshi zakoreshejwe n’abategetsi batandukanye kugira basigure iyo mpano.