Amakuru
29 décembre 2022

Imitobe n’inzoga vya tangawizi bikwije ivyangombwa biriko birakorwa mu nyigisho BBN iriko iratanga

Abakozi b’amahinguriro y’ibinyobwa biva muri tangawizi vyugawe kubera ubuziranenge bariko baronswa inyigisho. Ikigo BBN kijejwe gucungera ubuziranenge catunganije izo nyigisho kikaba gishira imbere kwerekana uburyo ivyo bikorwa. Sévérin Sindayikengera, arongoye BBN, amenyesha ko muri ivyo bikorwa bahinguye imitobe n’inzoga zujuje ivyangombwa.