Diabète ni indwara iri mu mirwi y’indwara zitandukira ariko ngendanwa, ni indwara ikeneye ko umuntu ayipimisha kare. Ni akamo Abarundi batewe na Muganga David Nzirubusa, icegera c’uwurongoye umugambi w’igihugu ujejwe indwara ngendanwa kandi zitandukira. Akaba yabivuze ku wa gatandatu itariki 11 Munyonyo ahari hatunganijwe igikorwa co gupima ku buntu iyo ndwara ya diabète. Muganga David Nzirubusa akamenyesha kandi ko abantu batotinya kuyivuza kuko ubu bashobora kuronka iyo miti ku buntu. Ni mu gihe kuri uyu wa 14 Munyonyo, isi yose izohimbaza umunsi wahariwe kurwanya indwara ya diabète ari yo y’igisukari.
Amakuru
14 novembre 2023
