Amakuru
24 novembre 2022

Imirwi y’iterabwoba ya Nyatura na FDLR ni yo iriko irica Abatutsi i Masisi

Ubwicanyi buriko burakorerwa Abacongomani bo mu bwoko bw’Abatutsi mu ntara ya Masisi butegerezwa gukurikiranwa kandi bugahanwa. Hamaze iminsi haboneka amareresi y’abantu bicwa babanje guturirwa, bakicishwa ibipanga. Ivyo vyemezwa n’umushingwamanza Bernard Maingain, akurikiranira hafi ibibera muri Congo. Amenyesha ko ayo mahano akorwa cane cane n’imirwi y’iterabwoba ya Nyatura hamwe na FDLR igendera muri iyo ntara. Ivyo vyose kandi bigakorwa igisirikare ca leta ya Congo FARDC kirorera. Agasaba umukuru w’Igihugu ca Congo gukora ibishoboka vyose kugira Abacongomani bose bagire uburenganzira bumwe bwo kubaho no gukingirwa.