Imirwi izotana mu mitwe mu rukino rwa nyuma rw’amahiganwa y’ibihugu vya Afrika CHAN. Iyo mirwi ni Mali na Maroc izokinira i Yaoundé muri Cameroun, ku musi w’Imana uza. Umurwi wa Mali watsinze ku musi wa gatatu uwa Guinée biwugoye, urukino rwaheze atawutsinze uwundi. Bakaba batandukanijwe n’ama pénalties: Mali ikaba yatsinze 5 kuri 4 vya Guinée. Ariko Maroc yo yikuye Cameroun bitayigoye. Ikaba yayitsinze 4 ku busa.
Amakuru
5 février 2021