Amakuru
5 février 2021

Imirwi izotana mu mitwe mu rukino rwa nyuma rw’amahiganwa y’ibihugu vya Afrika CHAN

Imirwi izotana mu mitwe mu rukino rwa nyuma rw’amahiganwa y’ibihugu vya Afrika CHAN. Iyo mirwi ni Mali na Maroc izokinira i Yaoundé muri Cameroun, ku musi w’Imana uza. Umurwi wa Mali watsinze ku musi wa gatatu uwa Guinée biwugoye, urukino rwaheze atawutsinze uwundi. Bakaba batandukanijwe n’ama pénalties: Mali ikaba yatsinze 5 kuri 4 vya Guinée. Ariko Maroc yo yikuye Cameroun bitayigoye. Ikaba yayitsinze 4 ku busa.