Amakuru
15 décembre 2023

Imiliyoni 100 z’amadolari ibanki y’isi ihaye Uburundi mu kuduza ubutunzi bw’igihugu

Ibanki y’isi yose yaremereye leta y’Uburundi kuyiha amafaranga y’imfashanyo agera ku miliyoni 100 mu madolari y’Abanyamerika. Ayo mafaranga azotangwa mu ntumbero yo gufasha mu gisata c’abikorera utwabo kugira harwizwe akazi nk’uko vyaraye bishikirijwe na Hawa Cissé Wagué, aserukira iyo banki mu Burundi. Yabandanije avuga ko iyo mfashanyo yiyumviriwe mu ntumbero yo kugarukira ubutunzi bw’Uburundi mu myaka 5 uwo mugambi uzomara, eka mbere n’inyuma y’ico kiringo.