Amakuru
29 novembre 2021

Imikangara irenga 500 niyo iriko ihiganirwa kwinjira muri ISCAM

Abanyeshure barenga amajana atanu nibo bakoze ikibazo co kwinjira mu ntwazangabo ku rwego rw’igihugu, hari ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze. Colonel Floribert Biyereke, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, amenyesha ko urutonde ntabanduka rw’abanyeshure bazoba bamenye ico kibazo ruzomenyekana kw’igenekerezo rya 16 Kigarama uyu mwaka.