Amakuru
28 juin 2022

Imigambwe PPD-Girijambo na MSD isaba ibiganiro bihurikiyemwo bose

Uwurongoye umuryango wa Afrika y’ubuseruko ahamagarirwa gutahuza umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye ngo atanguze ibiganiro hamwe n’abanyepolitike batavuga rumwe na we, adasize inyuma n’imirwi irwana. Ako kamo tugasanga mw’ikete ryanditswe n’imigambwe ibiri PPD-Girijambo na MSD, ikete ryarungikiwe Uhuru Kenyatta, umukuru w’Igihugu ca Kenya. Ku bwa Alexis Sinduhije, arongoye umugambwe MSD, iyo ngendo izoshikana igihugu mu matora yisunze intwaro rusangi, aciye mu muco kandi yemewe na bose. Gutyo, Uburundi ngo buzoba buronse amahoro, co kimwe n’akarere kose.