Amakuru
12 janvier 2024

Imigambwe n’amashirahamwe ya politike bisaba gusubiza umutamana amasezerano ya Arusha

Ubwicanyi, urwanko, ugukumirana, kwomora abantu n’intwaro itabereye. Ni bimwe mu vyatumye imigambwe n’amashirahamwe ya politike yihaye intumbero yo gusubiza umutamana amasezerano y’i Arusha, yandikira urwandiko ibihugu n’abategetsi batandukanye bahagarariye iterwako umukono ry’ayo masezerano, basaba y’uko yokurikizwa uko yanditse. Léonce Ngendakumana, yariteyeko umukono, akaba yahoze arongoye Inama nshingamateka, aributsa ingene amasezerano ya Arusha yari yatumye Abarundi babana mu bumwe bagasubiza hamwe, ari na co gituma vyihutirwa ko asubira gukurikizwa.