Amakuru
7 juin 2023

Imigambwe ihamagarirwa gushira inguvu hamwe kugira irwanye amabi ariko akorerwa CNL

Imigambwe yo mu Burundi irangwa no kudafatana mu nda. Kikaba ari na co gituma ubutegetsi buyicanishamwo igata inguvu. Ivyo bishikirizwa na Libérat Ntibashirakandi, umuvugizi w’umuhari MAP-Burundi Buhire. Akaba yiyamiriza ingendo y’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu yo gushaka gusambura umugambwe CNL. Ariko rero Libérat Ntibashirakandi akavuga ko iyo ngendo nyene ari yo iriko yimbira icobo intwaro ya CNDD-FDD.