Coopération
1 avril 2022

Imigambi y’ibihugu vya EAC niyo yonyene yorwanya umutekano muke mu karere

Iyinjira ry’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko ngo ntaco rizohindura ku bijanye n’umutekano w’akarere. Bishikirizwa na Frédéric Bamvuginyumvira, arongoye Urunani CFOR-Arusha. Ku bwiwe, abakuru b’ivyo bihugu bihurikiye muri uwo muryango bakwiye nyabuna gutorera hamwe inyishu z’ibibazo bituma abantu bahunga ibihugu vyabo.