Amakuru
25 août 2023

Imigambi myinshi izoshirwa mu ngiro hemejwe amasezerano arimwo ibihugu vyose Nil icamwo

Uburundi bwokwunguka cane hamwe bwoshira igikumu ku masezerano ahurikiyemwo ibihugu bisangiye ibiyaya bihanamye vy’uruzi Nil. Kubera amasezerano arimwo Misiri gusa harimwo imitego myinshi. Bisigurwa na Agathon Rwasa, arongoye umurwi w’abashingamateka b’umugambwe CNL. Hari ku munsi wa gatatu igihe umushikiranganji w’Ibidukikije, uburimyi n’ubworozi yariko arasigurira ayo masezerano uko ari abiri abashingamateka.