Amakuru
18 mars 2022

Imfashanyo y’umuliyaridi w’amafaranga y’abanyamerika ku migambi 15

Amahera agera ku muliyaridi w’amadolari y’abanyamerika niyo agiye gutangwa n’ibanki y’isi mu Burundi. Ayo mahera akazofasha mu migambi 15 iriko irarangurirwa mu gihugu c’Uburundi. Ibi bikaba bishikirizwa na Véronique Kabongo, aserukira ibanki y’isi mu Burundi. Akaba yabishikirije kuri uno wa gatatu mu nama yagiranye n’abajejwe imigambi hamwe n’abafasha gushira mu ngiro imigambi. Véronique Kabongo akemeza ko ayo mahera azofasha mu gutsimbataza iterambere ry’abanyagihugu.