Amakuru
19 décembre 2023

Imfashanyo y’imiliyoni 100 z’amadolari y’Ibanki y’isi izonyuruzwa nk’izindi (Chauvineau Mugwengezo)

Uravye ubukunzi bw’inda bw’abarongoye igihugu, nta wokwizera ko igihugu kizokwigera gitera imbere kubera amafaranga yose ahabwa Uburundi ntakora ico agenewe. Ako ni agahinda ka Chauvineau Mugwengezo, arongoye umugambwe utavuga rumwe na leta UPD-Zigamibanga. Abivuze inyuma y’aho hashizwe umukono mu ndwi iheze ku masezerano y’impano y’imiliyoni ijana z’amadolari hagati y’umushikiranganji w’Ikigega ca leta n’uwuserukira Ibanki y’isi mu Burundi. Chauvineau Mugwengezo avuga ko kuva CNDD-FDD ija ku butegetsi Uburundi bumaze guhabwa amafaranga adaharurwa, ariko ibisata vyose bikaba uno munsi bizingamye.