Agriculture
1 décembre 2022

Imfashanyo ya Banki ya Afrika izofasha guteza imbere guhingura ivyimburwa

Imiliyoni zirenga 23 y’amadolari y’abanyamerika ni yo Uburundi bugiye kuronswa n’ibanki ya Afrika ijejwe iterambere, BAD. Amasezerano yemeza iyo mfashanyo yashizweko umukono kuri uyu wa gatatu hagati y’uwuserukira iyo Banki mu Burundi n’umushikiranganji w’Ikigega ca leta. Iyo mfashanyo ahanini ikaba izoca ifasha mu gisata c’uburimyi, na cane cane mu guhingura umwimbu w’abanyagihugu, nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji w’Ikigega ca leta Audace Niyonzima.