Amakuru
26 janvier 2022

Imbonerakure zifatwa n’umugambwe CNDD-FDD nk’abari mu nzego z’umutekano

Ntibikiri agaseseshwa rumuri, Imbonerakure zisigaye zijejwe umutekano mu gihugu. Ivyo vyamenyeshejwe na Révérien Ndikuriyo, arongoye umugamwe CNDD-FDD. Yabishikirije mu nama yagiranye n’Abagumyabanga bo mu Ruyigi mu mpera z’indwi iheze. Akaba yatanze akarorero k’aho ku Bunani Imbonerakure zari zakikuje igisagara cose ca Bujumbura, ngo kubera ibihuha vy’uguhungabanya umutekano.